Umunyarwanda aregwa jenoside yatanzwe na Amerika

Jenoside yabaye mu Rwanda, yahitanye abanyagihugu baharurwa mu bihumbi 800 Uwufise ububasha kw’isanamu Chip Somodevilla
Image caption Amafoto y'abahitanywe na jenoside mu rwibutso rw'ihonyabwoko rwa Kigali, mu Rwanda

Leopold Munyakazi, yari amaze imuaka 12 muri Leta zunze UIbumwe za Ameika, yagirizwa uruhara mu kuyobora imirwi y'abahutu kuja guhiga no kwica abatutsi.

Ubwiwe arahakana no ivyo aregwa, ko yayoboye ibitero vyo mw'ijoro vyagabw aku mihana y'abatutsi.

Yahungiye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu 2004, aho yakoze nk'umwigisha.

Yamaze igihe kirekire aburanira kuronka ubuhungiro muri ico gihgu, mu gihe Urwanda rwariko rumusaba ngo aburanishwe.

Abatutsi baharurwa mu bihumbi amajana, ndetse n'abahutu ataco bazira, barishwe mugihe c'ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994.