Ishule ryigisha mu gifaransa rigatez'imber'imico kama.

Abanyeshule bariko basimba umugozi 28/09/2016
Image caption Abanyeshule bariko barakina

Iruhande y'ivyigwa, abanyeshule bo kuri 'Ecole Internationale Espoir' riri mu gisagara ca Nairobi bavuga ko bunguka vyinshi mu vy'indimi n'imico.

Mu gihe bavuye mu bihugu vy'amavuko bazi indimi zibiri, urw'abavyeyi n'igifaransa, uno musi bavuga ko bungutse izindi ndimi zibiri, icongereza n'igiswahili.

Abanyeshule bo kuri iryo shure bafise amamuko mu bihugu indwi vya Afrika: u Burundi, u Rwanda, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Kenya, Ethiopia, Congo Brazzavile na Djibouti.

Umunyeshule umwumwe wese ngo arafise n'imiburiburi indimi zibiri yungutse.

Abo bana ubwabo bavuga ko hari n'ivyo bunguka ku bijanye n'akaranga be n'imico kama.

Image caption Abanyeshule b'abatimbo b'abarundi

Ubuyobozi burategekanya rimwe ku mwaka umusi wahariwe akaranga n'imico vy'ibihugu, aho abo banyeshule berekana imvyino zitandukanye ziranga igihugu kimwe kimwe.

Image caption Abanyeshule baturuka i Rwanda bavyina.

Ku bw'abo bana ngo kwigana mudasangiye amamuko n'imico ngo biratuma biga kwubahana n'ukwihangananira.

Ishule 'Ecole Internationale Espoir' yavutse mu mwaka w'i 1994 inyuma y'ihonyabwoko mu gihugu c'u Rwanda ryatumye abantu benshi bahunga.

Ico gihe nyene ingwano yari mu gihugu c'u Burundi ituma bamwe mu banyagihugu bahungira mu bihugu bibanyi aho bose bashitse basa n'abasubira gutangura ubuzima.

Iryo shule rikora ikibazo co kurangiza amashule yisumbuye kivuye mu Burundi riri ku rutonde rw'ayari mu ya mbere.