Ruswa mu bayobozi b'abanonotsi ba Kenya

Umugwi wa Kenya wavuzweko ibibazo biturutse kw'itunganywa ry'amafaranga Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umurwi wa kenya watahukanye imidari 13 ukuye Rio

Stephen Arap Soi yari yaherekeje abakinyi baserukiye Kenya mu mahiganwa ya Olympic aheruka, arahakana ko yatwaye amafaranga yari agenewe kubarihira uburaro Rio.

Aregwa ivyaha bitanu, birimwo kunyuruza amafaranga agera kuri miriyoni 25,6 z'ama shilingi, n'ukuvuga ama dolari 256,000.

Abandi bategetsi babiri mu baherekeje umurwi wa Kenya, bahakana ko bivye imyambaro yari yatanzwe n'ishirahamwe Nike.

Umurwi wa Kenya watahanye imidari 13, wavangiwe n'ibibazo vya ruswa.

Icegera c'umukuru w'umurwi wa Kenya ushinzwe inkino za Olympic, Pius Ochieng, n'umunyamabanga mukuru Francis Kinyili Paul, nabo nyene barahakana ivyaha bagirizwa ukwabo.

Urubanza ruzosubira guhamagagwa kuwa 24 z'ukwezi kuza.