Arabie Saudite ishobora kubazwa ibitero vya 9/11

Kwanka ububasha bwa Obama bwo guhagarika ingingo yo gukurikirana igihugu ca Arabie Saoudite ku bitero vyo ku wa 9/11 ngo ni amakosa. Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Kwanka ububasha bwa Obama bwo guhagarika ingingo yo gukurikirana igihugu ca Arabie Saoudite ku bitero vyo ku wa 9/11 ngo ni amakosa.

Prezida wa Amerika Barack Obama yavuze ko ingingo y’inama nshingamateka y’ico gihugu yo kwanka ko akoresha ububasha afise kugira igihugu ca Arabie Saudite ntikibazwe ibitero vyo kuwa 9/11 ari ikosa rikomeye cane.

Yabwiye imboneshakure ya CNN, ko abashingamateka bakoze “ikosa”.

Inama shingamateka ryanse ububasha bwa prezida Obama bwo kugira ijambo rya nyuma kuri iyo ngingo izoha akaryo ababuriye abantu mu gitero co ku wa 9/11, kwitwarira abategetsi b’igihugu ca Arabie Saudite, bikaba bisigura rero ko iyo ngingo igiye kuja mw’itegeko.

Inama nkenguzamateka yatoye iyo ngingo ku majwi 97-1, inama nshingamateka na yo ku majwi 348-77.

Obama yavuze ko iyo ngingo izobangamira amakombanyi ya Amerika, abasirikare n’abakozi ba reta b’ico gihugu, kuko na bo bashobora kwitwarirwa mu bindi bihugu.

Umukuru wa CIA, John Brennan, yavuze ko iyo ngingo yatowe n’abashingamateka “ifise ingaruka mbi” ku mutekano w’igihugu.

Inama nshingamateka yemeje iyo ngingo n’aho Obama atayishigikiye.

Mu gihe iyo ngingo yoja mw’itegeko, bizoba ngombwa ko hasubirwamwo itegeko ryo mu mwaka wa 1976, ribuza ko hagira ikindi gihugu citwarirwa muri Amerika.