Amerika yafatiye ibihano abasirikare bakuru ba RDC

Gen John Numbi, (i bubamfu) ari kumwe na Gen Christian Damay w'igisirikare c'Ubufaransa inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru mu gisagara ca Kinshasa itariki 14 z'ukwezi kw'indwi 2006. Uwufise ububasha kw’isanamu MARCO LONGARI
Image caption Gen John Numbi, (i bubamfu) ari kumwe na Gen Christian Damay w'igisirikare c'Ubufaransa inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru mu gisagara ca Kinshasa itariki 14 z'ukwezi kw'indwi 2006.

Amerika yamenyesheje ko izofata ubutunzi bw’abasirikare babiri bakuru ba Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Amerika yagiriza abo babiri, uwahoze arongoye igipolisi Gen John Numbi, hamwe n’umukuru mu gisirikarwe Maj Gen Gabriel Amisi, azwi kw’izina rya Tango Fort canke Tango Four bagirizwa “kubangamira demokrasi”.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwa Amerika bwavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera ukwiyongera kw’ihohoterwa ry’abatavuga rumwe na reta, na cane cane hakoreshejwe inguvu.

Inkuru zitangwa na radio Virunga Business, ngo n’aho Gen Amisi akiri mu kazi, John Numbu nta kazi akora kazwi muri reta, haraciye imyaka itari mike kuva hishwe umwe mu baharanira agateka ka zina muntu Floribert Chebeya.

Gen Numbi yahagaritswe mu kazi mu kwezi kwa gatandatu umwaka 2010, inyuma y’urwo rupfu.

“Abo bajejwe umutekano muri reta ya RDC baragiye mu bikorwa vyo guhungabanya demokrasi, hamwe no kuburagiza abanye politike n’umwidegemvyo abanye Congo”, uko ni ko icegera c’uwujejwe kugenzura ubutunzi bw’abanyamahanga buri muri Amerika, John Smith yabishikirije mu makuru yatanze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gen Amisi, azwi kw'izina rya Tanbo Four

Mu mezi ane aheze, umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Kinshasa, Celestin Kanyama, na we nyene yarafatiwe ibihano.