Igiciro c'ibitoro caduze Opep isavye kugenzura umwimbu

Icuma co gucukura ibitoro Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Ibihugu vy'ibihangange mu kugurisha ibitero ku masoko mpuzamakungu vyapfunditse ayo masezerano mu biganiro vyabereye mu gihugu ca Algeria ku musi wa gatatu mu ntumbero yo kugabanya ubwoba bw'abatifuza ko hacukugwa umurengera.

"Opep yafashe ingingo y'umwihariko uno musi", ukwo nikwo umushikiranganji ajejwe ibitoro mu gihugu ca Irani Bijan Zanganeh yabishikirije.

"Brent crude", ikigo mpuzamakungu mpanuzwajambo ku vy'ibitoro, cadugije ibice 6% nukuvuga $49 ku kagunguru.

Abashikiranganji bajejwe ibitoro bavuze ko bagiye gutanga icegeranyo kirambuye kuri ayo masezerano azoherahezwa mu nama ya Opep mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Umwimbu wo Ku musi uzogabanywa gushika ku tugunguru 700000, iryo gabanywa ntiritunganijwe ku rugero rumwe mu muryango w'ibihugu bicukura ibitoro, nka Irani ikaba yo yaremerewe kugwiza umwimbu.

Ukutumvikana kwari hagati ya Irani n'igihugu ca Arabie Seoudite ni kwo kwatumye mu ntango ibihugu bidashobora gushika ku masezerano.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ibihugu vyinshi biri mu mugwi w'abanywanyi batobato ba Opep barashigikiye iyo ngingo yo kugabanya umwimbu igihe basanze igiciro carakorotse kuva ku $110 akagunguru mu myaka ibiri iheze bitewe n'ukwimbura ibitoro birenze urugero.

Umushikiranganji ajejwe ibitoro mu gihugu ca Nigeria Emmanuel Ibe Kachikwu yavuze ko "ayo masezerano ni ngirakamaro", mu gihe umushikiranganji ajejwe amasoko ntanga nguvu wa Algeria Noureddine Bouarfaa yagize ati: "Iyo ngingo yahurijweko na bose kandi ata mahinyu."

Murayo masezerano bitegekanijwe kw'ibihugu biri mu mugwi wa Opec bicukura hagati y' imiliyoni 32 n'inusu n'imiliyoni 33 z'utugunguru ku musi, nkuko Mohammed Bin Saleh Al-Sada, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanga nguvu wa Qatar akaba arongoye muri kino gihe umuryango wa Opep yabishikirije.

Umwimbu w'ibitoro bicukugwa ku musi uri ku miliyoni 33.2, igihugu ca Irak kikaba cabajije kuri uno wa gatatu ingene Opep iharura umwimbu w'ibitoro w'ibihugu bigize uwo muryango.