Duterte: Nonezerwa nishe abangana n'abo Hitler yishe

Duterte avuga ko ashaka gutegura kazoze keza k'abana bariko baravuka Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Duterte avuga ko ashaka gutegura kazoze keza k'abana bariko baravuka

Prezida wa Philippine, Rodrigo Duterte yagereranije intambara arimwo yo kugwanya abadandaza ibiyayuramutwe nk’intambara ya kabiri y’isi yose.

Yavuze ko yoshobora kwica abadandaza ibiyayura mutwe benshi bangana n’abayahudi bishwe na Hitler.

“Hitler yishe abayahudi imiliyoni zitatu…hari abadandaza ibiyayuramutwe bangana imiliyoni zitatu. Nonezerwa cane ndabishe,” ni ko yavuze.

Abayahudi barenga imiliyoni zitandatu ni bo bishwe n’aba Nazi bari barongowe na Hitler.

Duterte amaze igihe ahiga buhongo abadandaza ibiyayuramutwe, abica, kuva agiye ku butegetsi mu kwezi kwa gatandatu.

Ibiharuro vyerekana ko abantu barenga 3.000 aribo bamaze kwicirwa mubikorwa vy’igipolisi n’imigwi igizwe n’abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Benshi mu bishwe, ni abadandaza bakomeye b'ibiyayuramutwe

Ibiziga vy’abishwe bavyerekana ku mugaragaro, hariko icapa canditseko ivyaha yari yagirizwa.

Uwo muprezida yarigeze kuvuga ko yonezerezwa “no kwica inkozi z’ikibi 100,000”, kugira agabanye ubugizi bwa nabi.

‘Amajambo ababaje’

Duterte yarabaye umukuru w’igisagara ca Davao, aho yashizeho amategeko akaze yo gufata mu mugongo imigwi yica inkozi z’ikibi.

Yabwiye a bamenyeshamakuru, abo batavuga rumwe bamwita “muvyara wa Hitler”.

“Hitler yishe abayahudi imiliyoni zitatu…hari abadandaza ibiyayuramutwe bangana imiliyoni zitatu. Nonezerwa cane ndabishe,” ni ko yavuze.

”Ubudagi bo bagize Imana bari bafise Hitler. Abanye philippine bo nta vyo bashoboye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE

Yavuze ko yonezerwa cane “ndangije ico kibazo mu gihugu canje, mu gutabara abana bariko baravuka”.

Ayo majambo yiwe yariyamirijwe n’abayahudi, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.