Amerika isaba abanyagihugu bayo kuva muri RDC

Abantu barenga mirongo itanu bariciwe mu myiyerekano, amamodoka menshi araturirwa Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu barenga mirongo itanu bariciwe mu myiyerekano, amamodoka menshi araturirwa

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika yategetse abanyagihugu babo bakorera muri RDC kuva muri ico gihugu.

Ivyo bikaba bivuye ku bwoba ko hashobora kuba amatati akomeye ya politike.

Mu misis iheze, imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta yo kwanka ko amatora y’umukuru w’igihugu yungururizwa ku rindi sango, yaranzwemwo imishamirano.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko iyo ngingo ari amayeri ya prezida Joseph Kabira, mu mategeko yategerezwa kuva ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kabiri, yo kubandanya kuguma ku butegetsi.

Abantu 50 baraguye muri iyo mishamirano yabaye hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Kishasa.

Mu karere ko mu buseruko bw’ico gihugu kandi, haracari umutekano muke, reta ya prezida Joseph Kabila yarananiwe kugarukana umutekano inyuma y’ibisagara.

Ku musi wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, Jean-Mark Ayrault yavuze ko igihugu ca RDC kigeramiwe no gusubira mu ntambara kubera prezida ahari ubu adashaka kuva ku butegetsi.

Ayrault yabivuze igihe yariko arashikiriza ijambo abanyeshure biga muvyo ububanyi n’amakungu, muri kaminuza ya Science-Po, imwe muri kaminuza izwi cane mu Bufaransa, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Ubufaransa ni kimwe mu bihugu vyaguma bihimiriza ko haba ibiganiro bihuza bose kugira bumvikane kw’itariki y’amatora.

Yavuze ko igihugu ciwe citeguye gucungerera umutekano prezida Kabira, ariko ko ari ngiombwa ko avuga ku mugaragaro ko adashaka kwitoza ubugira gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Bitegekanijwe ko prezida Kabira arangiza ikiringo ciwe mu kwezi kwa cumi na kabiri

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, ikiringo ca kabri ca prezida Kabira, yashitse ku butegetsi inyuma y’iyicwa rya se wiwe, Laurent Kabila mu 2001, categerezwa kurangira itariki 20 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mu mwaka uheze, abantu 12 barishwe mu yindi myiyerekano yabaye nk’iyo.

Kuva RDC kironse intahe yo kwikukira haraheze imyaka irenga 55, nta prezida n’umwe arashikiriza ubutegetsi uwumukoreye mu ngata biciye mu nzira nziza.