Shimon Peres yashinguwe

Isandugu ryashinguwemwo Shimon Peres Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Isandugu ryashinguwemwo Shimon Peres

Abategetsi b’isi yose bashimagije imigambi y’uwahoze arongoye Israel, Shimon Peres, inyuma y’imisi itatu yitavye Imana, afise imyaka 93.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko “Yari umugabo w’abagabo kw’isi yose”, igihe yariko aramushimagiza.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yavuze ko kuba umukuru wa Palestine, Mahmoud Abbas, ari mubaje kumusezera ubwa nyuma, vyibutsa ko “hari intambwe y’amahoro itarashikwako”.

Mahmoud Abbas ari mu bategetsi barenga mirongo ibiri baje muri iyo mihango I Jerusalem.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Shimon Peres (i bubamfu) na Mahmoud Abbas hamwe n'uwahoze ari umushikiranganji w'ububanyi n'amahanga wa Misri Amr Moussa, ifoto yo ku wa 29 ukwezi kwa cumi na kabiri mu 1993

Umutekano uracungerewe cane, hakaba hari n’abantu benshi bahagaritswe.

Mw’ijambo yashikirije riteye agahinda, Netanyahu yavuze ko mu gihe Israel n’isi yose bagandariye Shimon Peres, ko hari icizere kw’iragi abasigiye.

“Shimon yabaye mu buzima bufise ico butumbereye,” ni ko yabwiye abategetsi barenga mirongo ibiri bari bakoraniye mw’itongo ry’abapfuye rya Mount Herzl.

“Yaraduze imisozi udashobora kwibaza. Yirengagije vyinshi kubera intumero n’icizere ciwe. Yari umugabo w’abagabo muri Israel. Yari umugabo w’abagabo no kw’isi yose.”

'Yari umuntu abona kure'

Uwahoze arongoye Amerika, Bill Clinton, yafashije mu biganiro vy’amasezerano y’amahoro y’I Oslo, hagati ya Israel na Palestine mu myaka ya 90, vyatumye Shimon Peres ahabwa agashimwe kitiriwe Nobel, yavuze ko yari umunye Israel “abona kure.”

“Yariyumvira ibintu vyose abantu dusigaye dushobora gukora. Yatanguye nk’umunyeshure w’umunye Israel aciye ubwenge, avamwo umwigisha mwiza, arangiza ari umuntu abona kure cane.”

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Barack Obama ariko arurira indege ya Air Force One yerekeza muri Israel

Prezida wa Amerika Barack Obama ni we yashikirije ijambo ubwa nyuma, agereranya Shimon Peres “n’abandi bantu b’ibihangange bo mu kinjana ca 20, naronse agateka ko kubonana na bo, nka Nelson Mandela n’umwamikazi Elizabeth”.

Yongeyeko ko, Shimon Peres yemera ubungane bw’abanye Palestine.