Russia: Amerika irakingira ikibaba umuhari wa Nusra

Lavlov avuga ko Uburusiya bufasha prezida Assad kugwanya abitwaza iterabwoba
Image caption Lavlov avuga ko Uburusiya bufasha prezida Assad kugwanya abitwaza iterabwoba

Amerika igerageza kwirengagiza umugwi w’abajihadiste mu kugerageza gukura ku butegetsi prezida Bashar al-Assad, ni ko umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire yabwiye BBC.

Sergei Lavrov yavuze ko Amerika yarenze kuvyo yiyemeje ko izotandukanya umugwi wa Fateh al-Sham(uzwi nka al-Nusra Front) n’iyindi migwi y’abagwanyi ishigikiwe na Amerika.

“N’ubu ntibarabikora canke nta vyo bashaka gukora,” n’uko yavuze.

“Twemeza ko umugambi ari uwo gusigaza Nusra.”

Yongeyeko ko: “Ntibarigera barya urwara Nusra aho ari ho hose muri Syria.”

Lavrov yariko aravugana na Stephen Sackur mu kiganiro ca BBC World News ku mboneshakure, mu gihe harangiye umwaka Uburusiya butanguje ibitero vyo mu kirere muri Syria.

Yisiguye ku bitero vy’indege vy’Uburusiya ku gisagara cugarijwe ca Alep, bari kumwe n’abasirikare bar eta ya Syria.

Onu ivuga ko abanyagihugu basanzwe 400, harimwo abana benshi, biciwe muri ico gisagara mu ndwi iheze.

Lavrov yavuze ashimitse ko Uburusiya bufasha prezida Assad kugwanya “imigwi y’iterabwoba.”

Yagirije kandi Uburaya kuguma mu gacerere mugihe hari abanyagihugu bamerewe nabi I Alep, mu gihe vyari vyitezwe koi co gisagara kija mu minwe y’abagwanya reta inyuma y’aho umugwi wa Nusra winjiriye muri ico gisagara uhagarika inzira zose zo gushikanayo imfashanyo.

Abajijwe ivyerekeye abanyagihugu basanzwe baburiye ubuzima mu gisagara ca Alep bazize ibibombe vyo mu bwoko bwa bunker-busting na Cluster hamwe n’ibigwanisho vya phosphores, yishuye :” Nivyaba ivyo vyarabaye, turabisabiye imbabazi.”

Ariko yavuze ashimitse ko “atakivyemeza kihari” kandi ko hakenewe amatohoza ku kintu cose.

“Nta kigwanisho na kimwe dukoresha kibujijwe na Onu.”