Video y'umunye Uganda yarasiwe muri Amerika zerekanywe

Imyiyerekano yabaye hirya no hino mu mabarabara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano yabaye hirya no hino mu mabarabara ya El Cajon

Igipolisi co mu gisagara ca San Diego cashize ahabona video zibiri zerekana iraswa ry’umwirabure atitwaje ikigwanisho hanze y’ubudandarizo ku musi wa kabiri.

Izo video zerekana abapolisi babiri baharira na Alfred Olango imbere y’uko umwe muri bo amurasira ahahagarara imodoka mu micungararo ya El Cajon.

Igipolisi cavuze ko uwo mugabo yari afise inyifato iteye amakenga.

Ariko nyina wiwe avuga ko yari afise ingorane zo mu mutwe, ko yarakeneye ubufasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abari mu myiyerekano, harimwo Agnes Hassan (yipfunze igitambara mu mutwe) bariko biyamiriza iraswa rya Alfred Olango

Iyicwa rya Olango, impunzi y’umuganda, ryatumye haba imyiyerekano irimwo imishamirano i El Cajon.

Igipolisi kivuga ko carashe uwo mugabo w’imyaka 38, igihe yakura mu mufuko ikintu, agitumbereza ku bapolisi.

Imwe muri izo video yafashwe na camera zikoreshwa mu gucungera umutekano yari kw’idirisha ry’uburiro, mu gihe iyindi yafashwe na telefone ngendanwa y’umuntu yari ahegereye.

Muri video igira kabiri, idashikana n’amasegunda 20, harumvikana umupfasoni asemerera:”Mwa bapolisi mwe ntimumurase!” imbere y’uko n’imiburiburi humvikana amasoro ane.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi kiremera ko ikintu Alfred Olango yari afise atari inkoho

Umukuru w’igipolisi ca El Cajon, Jeff Davis yavuze ko Olango yitavye Imana inyuma y’aho umwe mu bapolisi amurasiye n’inkoho itica, mugihe uwundi yaciye amurasa amasase incuro nyinshi.