Filme z'Ubuhinde zahagaritswe muri Pakistan

Umukinyi w'amafilime Deepika Padukone(i buryo) arakundwa cane muri Pakistan Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukinyi w'amafilime Deepika Padukone(i buryo) arakundwa cane muri Pakistan

Inzu zerekanirwamwo ama cinema mu gihugu ca Pakistan zahagaritse kwerekana amafilime yo mu Buhinde, nk’ikimenyetso co kwifatanya n’igisirikare ca Pakistan kiri mu karere karangwamwo amatati ka Kashmir.

Iyo ngingo yatangajwe mu bisagara ca Lahore, Karachi na Islamabad.

Iyo ngingo ikurikiye amatati abandanya kwigaragaza hagati y’Ubuhinde na Pakistan.

Ku musi wa gatanu, abakina filime bo mu gihugu c’Ubuhindi barirukanye abakinyi bo mu gihugu ca Pakistan bahora bakorera akazi kabo I Bollywood.

Umunyepolitike umwe, yasavye ko abakinyi bo muri Pakistan bava mu gihugu c’Ubuhindi.

Umumenyeshamakuru wa BBC ku mugabane wa Asia, Charles Haviland, avuga ko atari ubwa mbere amatati ari hagati y’Ubuhindi na Pakistan agize ingaruka mbi mico n’imigenzo y’ivyo bihugu kwari bibiri.

Uwo mumenyeshamakuru wa BBC avuga ko filime z’Ubuhindi zikunzwe cane muri Pakistan, kuko abakora ako kazi muri Pakistan ntibaragera ku ntambwe Ubuhinde buteyeko.

Abarongoye ibigo bikinisha cinema muri Pakistan baremeza ariko ko bashobora guhomba bivuye ku kungene filime zo mu Buhindi zikunzwe cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyagihugu b'Ubuhindi baba ku rubibe bihana na Pakistan bama bahunze imishamirano y'i Kashmir

Akarere ka Kashmir kamamwo imishamirano y’ivyo bihugu bibiri, kakaba kamaze no kwadukamwo intambara incuro zibiri zose.

Mu gitondo ca kare ku wa gatanu, abanyagihugu bo mu kigwati co mu Buhindi, ku rubibe ivyo bihugu bihana, barahunze inyuma y’aho bumviye inkuru ko Ubuhindi bwatanguje ibitero ku bagwanyi bari muri ako karere ka Kashmir.