Ibitero ku bitaro mu gisagara ca Alep

Igice kinini c'igisagara ca Alep carasambutse Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Igice kinini c'igisagara ca Alep carasambutse

Ibitero vyo mu kirere bibandanya mu gisagara kiri mu minwe y’abagwanya reta ca Alep, muri Syria, vyasambuye ibitaro.

Ishirahamwe rya Syrian American Medical Society, rifasha ivyo bitaro rivuga ko ivyo bitaro vyateweko ibibombe bibiri.

Ivyo bitaro kandi vyari vyatewe mu ntango z’indwi iheze.

Inkuru zivuga ko abagwanyi bafashwe mu mugongo n’Uburusiya hamwe n’igisirikare ca Syria, bagize ibitero kuri ico gisagara ca Alep, baratana mu mitwe n’abagwanyi mu bibanza bitandukanye.