Amatora ya kamarampaka ku bimukira muri Hongria

Mu gihe abiyamiriza abimukira botsinda, bishobora guha akaryo Orban ko guhindura vyinshi muri politike yerekeye abimukira Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Mu gihe abiyamiriza abimukira botsinda, bishobora guha akaryo Orban ko guhindura vyinshi muri politike yerekeye abimukira

Ibanye Hongria bazindukiye mu matora ya kamarampaka yo kwemeza igitigiri c’abimukira cashinzwe na EU ico gihugu cokwakira.

Umushikiranganji wa mbere wo mu mugambwe wo muri Extreme-Droite, Viktor Orban, yaranse umugambi wo kwakira abimukira 160.000.

Ufatiye ku mugambi wemejwe igihe hari ikibazo c’abimukira mu mwaka uheze, Hongria cotegerejwe kwakira abashika 1.294.

Ibiharuro vyerekana ko benshi mubaja gutora biyamiriza uwo mugambi.

Kugira wemezwe, hakenewe ibice 50% vy’amajwi y’abatoye.

Mu gihe hari ingorane z’abimukira, abimukira baca mu gihugu ca Hongria bagana Ubudagi n’ibindi bihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Mu twigoro two kubagabanya, ico gihugu carugaye urubibe gihana na Serbia na Croatia.

Iyo ngingo yaranezereje benshi muri ico gihugu, ariko iranebagurwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Abaja mu matora baza kubazwa:”Urashaka ko EU itegeka iyakirwa ry’abantu batari abanye Hongria n’aho bitoba vyemejwe n’inama nshingamateka?”

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, Hongria yaritwaye muri sentare yiysmiriza uwo mugambi wa EU.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere Viktor Orban yamye yiyamiriza umugambi wa EU werekeye abimukira

Mu kiganiro ku mboneshakure ku musi wa kane, Orban yavuze:”Mu gihe ‘oya’ yotsinda ‘ego’, bizosigura ko abanye Hongria batazemera amategeko bahabwa n’akana k’ubumwe bwa Buraya bashaka kuduhindirako ku nguvu.”

“Uko impunzi ziyongera, ni na ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba.” Ni ko yongeyeko, nk’uko vyandikwa n’itororoknirizo ry’amakuru rya Reuters.

Iyo nteguro ya EU yari igamije kugabaniriza umuzigo ibihugu vy’Ubutaliano n’Ubugiliki, aho abimukira n’impunzi nyinshi binjirira baja I Buraya.