Trump yoba atarishe amakori imyaka 18?

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Ikinyamakuru co muri Amerika kivuga ko caronse impapuro zerekana ko umutunzi Donald Trump yabwiye ibiro bijejwe amakori vya Amerika ko yahomvye amadolali arenga imiliyoni 900 mu 1995.

Ikinyamakuru ca The New York Times kivuga ko ico gihombo ari kinini cane, ko gishobora kuba carafashije uwo mukandida w’aba Republicains kutarihishwa amatakori mu buryo buzwi neza mu kiringo c’imyaka 18.

Abamufasha mu myiyamamazo baranse gushira ahabona ivyerekeye amakori yiwe canke bemere canke bahakane ivyerekeye ico gihombo.

Umukandida w’umugambwe w’aba Democrate warerekanye vyinshi mu bijanye n’amakori yiwe.

Mu kiganiro ca mbere ku mboneshakure ku musi wa mbere, yaramumereye nabi cane aguma amuhatira kwerekana ivyerekeye amakori yiwe, avuga ko anyegeje “ikintu kibi kidasanzwe”.

Aho umupfasoni Clinton yariko aramwagiriza ko atariha amakori, Trump yishuye:”Ivyo vyekana ko nzi ubwenge.”

Umupfasoni Clinton amaze kwerekana ubutunzi bw’imyaka yababa 40, mu gihe uwo bazitoza hamwe na Trump, Mike Pence amaze kwerekana amakori yatanze mu myaka cumi.

Mu nkuru yabo, The New York Times bavuze ko izo nyandiko ziri ku mpapuro zitatu zarungikiwe umwe mu banyamakuru babo, yigeze kwandika ku butunzi bwa Trump.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umupfsoni Trump yaragarutse cane ku kibazo c'amakori mu kiganiro ca mbere ku mboneshakure

Uwahoze ajejwe ubutunzi kwa Trump, Jack Mitnick, izina ryiwe rigaragara nk’uwategura amakori Trump atanga, yavuze ko izo mpapuro zisa n’izo ukuri z’amakori yatanzwe mu 1995, nk’uko vyandikwa n’ico kinyamakuru.

Ku musi wa gatandatu, abafasha Trump mu myiyamamazo bagirije ikinyamakuru ca The New York Times “ari uwundi mugwi ufasha umupfasoni Clinton mu myiyamamazo”.