Ubwongereza buzova muri EU mu mkwaka uza

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May yavuze ko Ubwongereza buzotangura kuva muri EU mu mpera z’ukwezi kwa gatatu umwaka uza.

Yariko avugana na BBC imbere y’uko haba inama ya mbere kuri we nk’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi.

Muri iyo nama, May yavuze ko agiye gushiraho amategeko mashasha mu mwaka uza, kugira igihugu c’Ubwongereza gisubire kwigenga.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru ca Sunday Times, May yavuze ko itegeko ryatumye Ubwongereza buja muri EU, rizohindurwa ko kandi ingingo zikomeye zizoza zirafatwa n’abatowe n’abanyagihugu.

Ariko ivyo ntibizoshoboka gushika igihe Ubwongereza buzoba bumaze kuvavanura burundu n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Ivyo May abivuze imbere y’uko haba ikoraniro ridasanzwe ry’umugambe w’aba conservateurs uba buri mwaka.