Benshi baguye mu mishamirano n'igipolisi muri Ethiopia

Ikarata ya Oromia
Image caption Ikarata ya Oromia

Abantu benshi baguye mu musunikano mu karere ka Oromia muri Ethiopia, inyuma y’aho igipolisi kirasiye ivyuka bikoroza amosozi no kurasa mu kirere mu gushwiragiza abari mu myiyerekano.

Abantu benshi bsri bskorniye mu musi mukuru wo guhimbaza Imana I Boshoftu, ku birometero 40 uvuye ku mugwa mukuru wa Addis Abeba.

Bivugwa ko abapolisi babashwiragije inyuma y’aho abari mu myiyerekano batavuga rumwe na reta batanguriye kubatera amabuye n’amacupa.

Haciye haba akaguma, abantu bamwe bamwe barakorokera mu binogo.

Hamaze imisi haba itana mu mitwe rihitana abantu batari bake mu gihugu ca Ethiopia muri aya mezi ya vuba aheze.

Abantu bo mu turere twa Oromia na Amhara baguma bidoga ko bakumirwa mu bikorwa vya politike no mu butunzi.

Imishamirano yatanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe guheze, bivuye ku mugambi wo kwagura igisagara mu karere ka Oromia.

Ico gikorwa carateye ubwoba abarimyi bo mu bwoko bw’aba Oromo, ugizwe n’abantu benshi baba muri ico gihugu, ko bashobora kwimurigwa ahandi.