Abarenga 50 baguye mu myiyerekano muri Ehtiopia

Abantu 52 biciwe mu myiyerekano muri Ethiopia Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abantu 52 biciwe mu myiyerekano muri Ethiopia

Abantu mirongo itanu na babiri barishwe abandi benshi barakomerekera mu karere ka Oromia muri Ethiopia mu myiyerekano yabereye mu musi mukuru w’idini, nk’uko reta ibivuga.

Bamwe baguye mu misunikanoinyuma y’aho igiolisi gikoreshereje ivyuka bikoroza amosozi, amasoro atica hamwe n’inkoni nk’uko ababibonye babivuga.

Umushikiranganji wa mbere Hailemariam Desalegn yavuze ko abari mu myiyerekano bari bateguye akaguma katumye abantu bahasiga ubuzima baguye mu bimanga.

Yahakanye inkuru zivuga ko abajejwe umutekano barashe abantu.

Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure, ubutware bw’abajejwe umutekano mu gukingira abanyagihugu, yiyamiriza abatumye haba abitaba Imana, avuga ko azohemuka abashikanye imbere y’ubutungane.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Benshi bavuga ko iyo myiyerekano yariko iraba mu mahoro

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bahuriye I Bishoftu, ku birometero 40 uvuye ku mugwa mukuru Addis Abeba, mu musi mukuru w’idini.

Hari inkuru zivuga ko abapolisi bivunye igihe abari mu myiyerekano bagwanya reta batangura kubatera amabuye n’amacupa, ariko abandi bakavuga ko abari mu myiyerekano bose bari batekanye.

Uwuharanira agateka k’aba Oromo, Jawar Mohamed, bavuga ko yashikirije igitigiri c’abantu 300 bishwe abandi benshi barakomereka.

Yavuze ko abasirikare na kajugujugu barashe bituma abantu bagwa mu manga no mu kiyaga.

Hamaze imisi haba imidurumbanyo ihitana abantu muri Ethiopia muri aya mezi ya vuba arangiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Hari inkuru zivuga ko igipolisi cakoresheje amasase mu gushwiragiza abari mu myiyerekano

Abantu bo mu turere twa Oromia na Amhara baridogera ugukumirwa muri politike n’ubutunzi.

Amerika yerekanye amakenga ku co yise ikoreshwa ry’inguvu zirenze urugero ku bari mu myiyerekano.