Facebook yoroheje uburyo bwa Messenger

Messenger Lite ni app nshaya isa na Messenger Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption App nsha ya messenger izotwara 10MB, mu gihe iyahahora yatwara 150MB

Facebook ivuga ko yatanguje uburyo bwa Messenger Lite, bwo guhanahana ubutumwa, bugiye gufasha cane abafise terefone zishaje canke internet y' umuvuduko ubayabaye.

Messenger Lite ngo ishusha na Messenger yari ihasanzwe, ariko bigatandukanira ku kibanza ifata muri terefone.

Facebook ivuga ko ubu buryo bushasha bwo guhana ubutumwa buzohiganwa neza n'uburyo bwa WhatsApp iheruka kugura, ivuga ko bukoreshwa n'abantu baharurwa muri miriyaridi.

Stan Chudnovsky, ajejwe igisata c'itunganywa ry'ubuhinga bushasha mu kigo Facebook, avuga ko vyagaragaye ko abantu bakoresha uburyo bwa Messenger bwo guhana ubutumwa biyongereye, kuva butanzwe ukwabwo nka 'App'.

Yabwiye BBC ko basanze abantu biborohera cane menyera no gukoreshas uburyo busha, mu gihe butaba bwihishe indani mu rubuga rwa Facebook.

Ico kigo cagabanije uburemere bwa Messenger Lite, bushirwa kuri megabite icumi (10MB) ku buryo butwara ikibanza gito kuri terefone zo mu bwoko bwa Smartphone zisanzwe zifise ububiko buto.

Messenger Lite rero ni nk'uko yagabanutse ibice 95% ugereranije na App ya Messenger yuzuye yari ihasanzwe, itwara 150MB kuri terefone za Android.

Iyo Lite App izotangura gukoreshwa ubwa mbere kuri terefone za Android muri Kenya, Tunisie, Malaysie , Sri Lanka na Venezuela.