Prezida Santos aragerageza kurokora amasezerano ya FARC

Prezida Santos yasavye abakuru b'imigambwe kwumvikana ku masezerano y'amahoro na FARC Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Santos yasavye abakuru b'imigambwe kwumvikana ku masezerano y'amahoro na FARC

Prezida wa Colombia, Juan Manuel Santos yashinze umugwi w’abategetsi bakuru muri reta, wo kugirana ibiganiro n’abo batavuga rumwe ku vyohinduka mu masezerano y’amahoro n’umuhari FARC.

Santos yashikirije ivyo, inyuma yo kubonana n’abarongoye imigambwe.

Amasezerano y’amahoro mu matora ya kamarampaka yabaye ku musi w’Imana.

Uwahoze arongoye ico gihugu, Alvaro Uribe, yari imbere mu bahamagarira abantu gutora „oya”, ntiyagiye muri iyo nama, ariko yagenye abazomuserukira batatu muri ivyo biganiro bizobahuza na reta.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Uribe avuga ko abagwanyi bakoze ivyaha bikomeye bategerezwa guhanwa

Uribe, umukenguzamateka arongoye umugambwe wa Democratic Centre Party, ashaka ko abagwanyi bakoze ivyaha bikomeye bacibwa imanza bagapfungwa, abandi na bo mu barongozi b’uwo muhari bakabuzwa kuja muri politike.

Ayo masezerano y’amahoro yari yashizweko umukono mu ndwi iheze, inyuma y’imyaka yababa ine y’ibiganiro, vyariko birabera ku mugwa mukuru w’igihugu ca Cuba, i Havane.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Umukuru wa FARC ari kumwe n'abandi bategetsi b'uwo muhari bariko bararaba ivyavuye mu matora bari mw'ihoteli y'i Havane

Amatora ataraba, ibiharuro vyerekana ko uruhande rwa ”ego” ari rwo rwari gutahukana intsinzi.

Ariko giturumbuka, abiyamirije ayo masezerano batsinze ku majwi 50.2%.