Igihuhusi Matthew kirasugereje Haiti

Abategetsi bariko baragondoza abanyagihugu ngo babe barakura meza Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abategetsi bariko baragondoza abanyagihugu ngo babe barakura meza

Kimwe mu bihuhusi bikomeye kitari bwaboneke muri iyi myaka ya vuba, kirimw imiyaga, imvura n’imituragaro, kirasugugereje Haiti.

Vyitezwe ko igihuhusi Matthew, kiri mu rugero rwa kane, gishika muri Haiti ku wa kabiri mu gitondo.

Ariko ibipimo vy’ubushuhe biza vyamaze kumanuka cane muri iryo zinga.

Haiti ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi, kandi abantu benshi baba ahantu hakunze kuba umwuzure.

Ico gihuhusi ca Matthew gishobora kuzana imvura ingana na santimetero 120, n’umuyaga ugenda ibirometero 230 kw’isaha, bigashobora gutuma imisozo ibomoka.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abanyagihugu benshi baba ahantu hakunze guterwa n'umwuzure hamwe n'imisozi isenyuka

Umuntu umwe aza yamaze kwitaba Imana, umurovyi yatwawe kubera umukuba w’amazi.

“Turiteze igihuhusi giteye ubwoba kiriko kiragana uburengero n’ubuseruko bwa Cuba,” ivyo Richard Pasch, umuhinga akora mu kigo ca Amerika gicungera ibihuhusi.

“Abantu bamaze kugirwako ingaruka mbi n’ibintu nk’umwuzure, imisozi isiduka, twizeye ko bazokwimugwa bagashirwa ahandi kubera ko ari ho tumaze kubona abantu bahasiga ubuzima muri kahise.”

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ico gihuhusi cashitse no mu gihugu ca Jamaica