Amnesty: Ibihugu bikize 'biratererana' impunzi

Ikambi y'impunzi z'abarundi, i Mahama mu gihugu c'Urwanda
Image caption Ikambi y'impunzi z'abarundi, i Mahama mu gihugu c'Urwanda

Ishirahamwe rya Amnesty International ryagirije ibihugu bitunze kw’isi ko vyakira impunzi zike zigafasha no muri bike.

Ibihugu cumi bifise ibice 2.5% vy’ubutunzi, bihaye indaro impunzi zirenga igice c’imiliyoni 21 z’impunzi ziri hirya no hino kw’isi, nk’uko biri mu cegeranyo c’iryo shirahamwe.

Salil Shetty, umunyamabanga mukuru wa Amnesty International, yahamagariye ibihugu bitunze kurusha ibindi kwakira abantu benshi.

Shetty yavuze Ubwongereza ari ko karorero kabi muri ico gikorwa.

Ubwongereza bwakiriye impunzi 8.000 z’abanye Syria kuva mu 2011, nk’uko vyerekanwa na Onu, mu gihe Amerika imaze kwakira 12.000 gusa.

Ufatihe ku biharuro bitangwa n’ishami rya Onu rifasha impunzi, nta mpunzi n’imwe yo muri Syria imaze kwakirwa n’Ubushinwa, Uburusiya canke ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu.

Ugereranije, Yordania gifise ubutunzi bungana n’igice 1.2% ugereranije n’ubwo Ubwongerez, gihaye indaro impunzi z’abanye Syria zababa 655.000.

Mu gihe igitigiri kanuni c’impunzi Yordania imaze kwakira kingana n’imiliyoni 2.7, ico gihugu gifise impunzi ata kindi gihugu na kimwe gifise.

Turkia gifise abarenga imiliyoni 2.5; Pakistan imiliyoni 1.6; Liban na yo abarenga imiliyoni 1.5.

“Ibihugu bitobito ni vyo bikora vyinshi gusumba kubera vyegereye ahadutse intabara,” uko ni ko Shetty avuga.

Yongeyeko ko :” Iyo twagabura aba bantu, ibihugu biri hagati ya 60 na 90 bakagira ico bikoze, ibintu ntibiba vyifashe gutyo. Ni ikibazo gikomeye ariko gishobora gutorerwa inyishu.”

Ibindi bihugu bifise igitigiri kinini c’impunzi ni:

  • Iran (979.400)
  • Ethiopia (736.100)
  • Kenya (553.900)
  • Uganda (477.200)
  • RDC (383.100)
  • TChad (369.500)

Ubwongereza buvuga ko politike yayo ari iyo guha amafaranga ibihugu bibanyi kugira bifashe impunzi zitagiye kure y’igihugu cazo.

Ariko Amnesty ntishima ubwo buryo bw’imfashanyo mu cegeranyo cabo, bavuga ko ‘ibihugu bitunze bitsri bikwiye kuzsa biratanga amahera kugira bigumize abo bantu kure yavyo’.

Impunzi n’abimukira barabandanya guheba ubuzima bwabo mu kugerageza gushika I Buraya.

Ku musi wa mbere, Ubutaliyano bwaratabaye abantu 2.600 ku nkengera za Libya.