Uburundi busaba ko ibihano vya EU bifutwa

Prezida Nkurunziza ari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki Moon
Image caption Prezida Nkurunziza ari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki Moon

Reta y’uburundi yabonanye kuri uyu wa mbere n’abaserukira ishirahamwe EU, mu ntumbero yo kwihweza intambwe imaze gushikwako mwishirwa mu ngiro ry’ivyo izo mpande zose zari zumvikanye hisunzwe ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou.

Iyo ngingo ya 96 yerekeye ingene ibihugu biri mu nzira y’amajambere n’umuryango wa Bulaya bashobora gufashanya.

Mw’itangazo rya reta y’Uburundi, umushikiranganji w’imigenderanire, Alain Aimé Nyamitwe yashize ahabona, amenyesha ko reta yeretse abaserukira iryo shirahamwe amahinyu ari mu cegeranyo giherutse gukorwa n’abahinga ba ONU, ku kungene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

“Ni icegeranyo cakozwe gihutihuti, kandi reta y’Uburundi ntiyagishijwe inama”, ukwo nikwo umushikiranganji Nyamitwe abisigura muri iryo tangazo.

Umushikiranganji Alain Nyamitwe avuga kandi ko bibabaje kubona ibiro biraba ivy’agateka ka zina muntu vya ONU, bitemeye kubeshuza ico cegeranyo reta ibona ko kirimwo ivyagiriji vyinshi bitagira ishingiro.

Kubw’iryo tangazo ry’Uburundi, ngo ivyo bitesha agaciro abakoze ico cegeranyo.

Abandanya avuga ko reta yeretse abaserukira ishirahamwe rya EU ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza, eka ngo n’umutekano urakwiye.

Ivyo na vyo akavuga ko bihushanye n’ingene iryo shirahamwe rya EU rimaze imisi ribivuga.

Yongera ati:

“Nivyo hariho utugorane tumwe tumwe, ariko ivyo ntivyotuma Uburundi bufatirwa ingingo nkuko umuryango wa Bulaya ubisaba kubera vyotuma ibintu vyononekara gusumba”.

Mbere uwo mushikiranganji asaba iryo shirahamwe gukura nyabuna ibihano vy’ubutunzi ryafatiye igihugu c’Uburundi.