Abapolisi 13.000 birukanywe muri Turkia

Abapolisi ibihumbi n'ibihumbi ni birukanywe inyuma y'igeragezwa ryo gutembaza ubutegetsi mu kwezi kw'indwi Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abapolisi ibihumbi n'ibihumbi ni birukanywe inyuma y'igeragezwa ryo gutembaza ubutegetsi mu kwezi kw'indwi

Turkia yahagaritse mu mabanga yabo abapolisi 13.000 bagirizwa kugiriranira ubucuti n’umunyedini aba muri Amerika, Fethullah Gulen.

Abo baje biyongera ku bandi bakozi bareta 100.000 birukanywe canke bahagaritswe kuva hageragejwe itembagazwa ry’ubutegetsi mu kwezi kw’indwi.

Gulen arahakana ivyo reta imwagiriza ko we canke abamushigikiye bari mu bateguye iryo tebagazwa ry’ubutegetsi.

Reta kandi irahakana ko yikika inyuma y’iryo tembagazwa ry’ubutegetsi mu guhiga buhongo abatavuga rumwe na yo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi barihereje amabarabara bashigikira prezida Eldogan

Reta ya Turkia yemeza ko abo bazosanga atakibagira bazoca barekurwa.

Abapolisi barenga 2.500, vyamenyekanye ku musi wa kabiri ko bagiye guhagarikwa, ni bakuru bakuru, nk’uko vyamenyeshejwe mw’itangazo ry’ibiro bikuru vy’igipolisi.