Kenya: Uwigamba kuryamana n'umwana yahagaritswe

Bivugwa kouwo mwana w'umwigeme yiga mw'ishure ry'intango Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK
Image caption Bivugwa kouwo mwana w'umwigeme yiga mw'ishure ry'intango

Igipolisi co muri Kenya cahagaritse umugabo yanditse kuri Facebook ko yaryamanye n’umwana w’umwigeme, vyavyuye agashavu ku mbuga ngurukanabumenyi.

“Uyu musi naryamanye n’umwana wiga wa kane mw’ishamba,” ni ko yari yanditse kuri Facebook imbere yo kubifuta, yongerako ifoto ziwe n’uwo mwana begamiye igiti.

Abanyeshure biga mu mwaka wa kane benshi baba badashikana imyaka cumi.

Igipolisi kivuga ko kikibandanya kirondera uwo mwana w’umukobwa bivigwa ko yaryamanye n’uwo musore w’imyaka 26.

Uwo muntu igipolisi kivuga ko yitwa Kelvin Alfayo, vyitezwe ko yitaba ubutungane ku musi wa gatatu.

Ikimenyetso ca #ArrestMohammedAlfayo, kirimwo izina akoresha kuri Facebook, aho yanditse ivyo bintu, cakwiragiye henshi ku ngurukabumenyi zo muri Kenya.

Igipolisi cagiye guhagarika Alfayo mu burengero bwa Bomet County camusanze yinyegeje, nk’uko umuvugizi w’igipolisi George Kinoti yabibwiye BBC.

Igipolisi kiriko kiragira amatohoza kugira kimenye ko ivyo vyanditswe ari ukuri, nk’uko uwurongoye igipolisi muri ako karere, Jonathan Ngala, yabibwiye BBC.