Pence na Kaine bateranye amajambo ku nyifato ya Trump

Pence avuga ko Trump yakoresheje "ubukerebutsi" mu kutariha amakori Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Pence avuga ko Trump yakoresheje "ubukerebutsi" mu kutariha amakori

Abitoza nk’ivyegera vy’umukuru w’igihugu wa Amerika, Mike Pence wo mu barepublicains na Tim Kaine wo mu bademokrate, baterenye amajambo kuvyerekeye amakori ya Donald Trump mu kiganiro ku mboneshakure.

Pence, arongoye intara ya Indiana, yavuze ko uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’aba republicains, Donald Trump yakoresheje “ubukerebutsi” mu kwishimikiza amategeko kugira ntarihe amakori.

Ariko Kaine, umukenguzamateka wo mu ntara ya Virginia, yiyamirije ubwo “bukerebutsi” bwo kureka kuriha amakori yofasha guhemba abasirikare no gufasha mu mashure.

Trump yaranebaguwe cane kuvyerekeye uburyo bwo kuriha amakori.

Yaranse kwerekana uko yagiye arariha ikori, ariko ikimenyeshamakuru ca New York Times caranyeguruye mu misi iheze ivyerekana ko yoba yarirengagije kuri ikori mu kiringo c’imyaka 18.

Ibi birashoboka kubera Trump afise imitahe mu mashirahamwe yo kwubaka n’amahoteli, yavuze ko yahomvye imiliyoni 900 z’amadolali mu mwaka wa 1995.

Ntarahakana ivyo bivugwa.

Yagiriza Trump, Kaine yavuze:” Ndibaza ko twebwe twese turiha amakori turi ibijuju?”

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Elaine Quijano abaye umunyamerika wa mbere yamuka muri Asia akoresheje mwene ico kiganiro nk'ico.

Kaine w’imyaka 57, yatanguye muri ico kiganiro cabereye muri kaminuza ya Longwood, mu ntara ya Virginia, atangazwa n’uko Pence ashobora kuvuganira Donald Trump.

Ariko uwo bahanganyewo mu mugambwe w’aba republicains, yamwishuye anebagura Hillary Clinton ingene yakoresheje mail yiwe mu gukora akazi ka reta hamwe na politike yiwe y’imigenderanire, yatumye haba imishamirano ahantu henshi kw’isi.

Ibindi bintu bikomeye:

  • Kaine yadondaguye imigwi y’abantu Trump amaze gutuka, harimwo abapfasoni n’abasirikare bafashwe ingwati bari mu ntambara.
  • Amwishura, Pence yavuze ko Donald Trump yatutse abanyamerika bake ugereranije n’umupfasoni Clinton.
  • Gukoresha abanyagihugu mu kazi kokozwe n’igipolisi, ni yo nzira yonyene yogabanya imishamirano hagati y’igipolisi n’abanyamerika birabura, nk’uko vyashikirijwe na Kaine.
  • Ariko Pence yagirije umupfasoni Clinton ko yerekana ko abapolisi ari babi no kubagiriza amacakubiri y’urukoba.
  • Ikibazo ko Donald Trump yoba umugaba w’ingabo “kiraduteye amadidane cane”, ni ko Kaine yavuze.
  • Pence yavuze ko we na Trump bazogabanya amakori atangwa ariko babanye bariha ibikenewe mu mibano no muvyerekeye amagara y’abantu.

Umwanya munini muri ico kiganiro wiharijwe n’ibibazo vy’imigenderanire n’amakungu.

Pence yavuze ko “Amerika iri mu mutekano ubu” gusumba uko vyari bimeze igihe Obama yashika ku butegetsi, yongerako ko umupfssoni Clinton akwiye kunebagurwa kubera umugwi Islamic State.

Image caption Pence na Kaine

Yavuze ko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin ashobora kwubaha Trump kubera inguvu afise, n’uwo bitoreza hamwe. “Ivyo biragaragara”.

Ariko Trump yarashimahije cane abategetsi badacana uwaka na Amerika nk’uko bivugwa na Kaine, nka Putin, prezida wa Korea ya Ruguru, Kim Jong-un n’uwahoze arongoye igihugu ca Libya, Col Muammar Kadafi.