Duterte avuga ko Obama ashobora 'kuja mu muriro udahera'

Duterte avuga ako imyimenyerezo ya gisirikare bakorera hamwe na Amerika ata co imariye abanyagihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Duterte avuga ako imyimenyerezo ya gisirikare bakorera hamwe na Amerika ata co imariye abanyagihugu

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte yasubiye kunegura prezida Obama n’abandi bategetsi ba Buraya batabona neza umugambi wiwe wo guhasha abadandaza ibiyayuramutwe.

Uwo mutegetsi yavuze ko Obama ashobora ”mu muriro udahera”.

Ishirahamwe rya EU, na ryo ryanebaguye Duterte, ”rishobora kuja mu kibanza bogerezamwo ivyaha bito bito, kubera umuriro udahera wuzuye”, ni ko yavuze.

Abantu bababa 3.000 baramaze kwicwa kuva uwo mukuru w’igihugu ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatandatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu ASSOCIATED PRESS
Image caption Abaterekwa amazerano ya gisirikare Philippine ifitaniye na Amerika bari mu myiyerekano imbere y'ibiro biserukira Amerika i Manille

Abantu bagirizwa kudandaza ibiyayuramutwe baguma bicwa n’igipolisi, hamwe n’imigwi ishigikiwe na reta.

Duterte yavuze ko Uburusiya n’Ubushinwa biteguye kumushigikira.

Abasirikare ba Philippine na Amerika ubu bariko baragirira imyimenyerezo ya gisirikare hamwe, ariko Duterte avuga ko iyo myimenyerezo ata co imariye abanyagihugu ba Philippine.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abasirikare ba Amerika 1,100 bari mu myimenyerezo n'abo muri Philippine

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika, Josh Earnest yavuze ko ico gihugu gushika ubu kitararonka ubutumwa na bumwe bwa Philippine bwo gusubiramwo amasezerano yo gufashanya hagati y’ivyo bihugu bibiri.