Batandatu bazize igitero mu ntara ya Mandera

Ikarata ya Mandera

Abantu benshi boba bishwe n'abantu bitwaje ibigwanisho mugace kamwe k’igisagara ca Mandera, mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya.

Inkuru zivuga ko bateye urupangu rumwe mu gicugu.

Umukuru w’intara ya Mandera, Ali Roba yanditse kuri Twitter ko abantu 6 bishwe uwundi umwe arakomereka.

Yavuze ko abantu 27 kuri 33 bari muri urwo rupangu batabawe n’abajejwe umutekano.

Abagize ico gitero ntibaramenyekana.

Akarere ka Mandera karakunze guterwa n’abagwanyi ba al-Shabab bo mu gihugu ca Somalia.

Igihugu ca Kenya cararungitse abasirikare muri Somalia mu 2011, mu gutuza ivyo bitero vya buri igihe, no mu gufata mu mugongo reta ishigikiwe n’amakungu.

Umugwi al-Shabab urakunze kugira ibitero mu gihugu ca Kenya, harimwo icahitanye abantu 67 mu maduka ya Westgate mu gisagara ca Nairobi mu mwaka wa 2013.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagwanyi ba al-Shabab bama bagize ibitero muri Kenya

Mu kwezi kwa gatandatu k’uyu mwaka, abagwanyi b’uwo muhsri barateye imodoka y’igipolisi yo mu bwoko bwa Land Cruiser, ku birometero bike uvuye mu gisagara ca Mandela, bica abapolisi batanu.

Mu mwaka uheze, al-Shabab yaragize igitero kuri kaminuza ya Garissa, cahitanye abanyeshure 148.