Igihuhusi gisugereje Amerika casize iheruheru Haiti

Uturere two mu bumanuko bwa Haiti twatewe n'umwuzure ukomeye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uturere two mu bumanuko bwa Haiti twatewe n'umwuzure ukomeye

Abatabara abari mu kaga muri Haiti barafise ibibazo vyo gushika mu turere twasizwe iheruheru n’igihuhusi gikomeye kitari bwigere kiboneka muri iyi myaka cumi.

Ibintu vyononywe n’igihuhusi Matthew vyatumye amatora y’umukuru w’igihugu yari atagekanijwe kuri uyu wa gatandatu yungururizwa ku rindi sango.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bataye izabo, kandi hari n’abantu 10 bitavye Imana.

Intara za Florida na South Carolina muri Amerika ni zo ubu zisugerejwe n’ico gihuhusi, ubu cegereje Bahamas.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Abo mu ntara ya Florida bariko baritegurira ico gihuhusi bavuga ko gishobora gushikayo umwanya uwo ari wose

Ingendo zose zo mu kirere no mu mazi zahagaritswe kuri iryo zinga, kandi abantu basabwe kuja ahantu hahanamye.

Igihuhusi Matthew kiri mu cicero ca gatatu, ariko vyitezwe ko kiza gukomera kije mu ca kane igihe kizoba gishitse ku nkengera za Amerika, nk’uko bimenyeshwa n’ikigo ca Amerika gicungera ibihuhusi.

Cononye cane akarere kari kure muri Haiti- kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi, gifise abantu benshi baba mu tuzu tudakomeye mu karere kama katewe n’umwuzure- gifise umuyaga ugenda ibirometero 230 kw’isaha, ku musi wa kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibiraro bikomeye vyatwawe amabarabara na yo ntahita

Abategetsi bavuga ko batarashobora kumenya neza ivyahononekariye- na cane cane mu karere ka Grand Anse kari mu bumanuko bw’iryo zinga, kari mu nzira y’aho ico gihuhusi caciye.

Ibiraro bikomeye vyatwawe, amabarabara ntarengana kandi amatelefone ntariko arakora, nk’uko bivugwa n’abategetsi.