Syria: Igitero ca bombe cahitanye abantu 20

Urubibe rwa Atmeh mu ntara ya Idlib rugenzurwa n'abitwaje ibigwanisho bagwanya reta ya Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urubibe rwa Atmeh mu ntara ya Idlib rugenzurwa n'abitwaje ibigwanisho bagwanya reta ya Syria

Abantu 20, benshi muri bo b’abagwanyi, bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomerekera mu bitero vya bombe hagufi y’urubibe Syria ihana na Turkia, nk’uko bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Ico gitero bivugwa ko cabaye igihe bariko barabisanya kw’izamu kw’ibarabara ricunzwe n’abagwanyi mu ntara ya Idlib.

Ntibiramenyekana n’imba ico gitero cakozwe n’umwiyahuzi, canke n’uwagiturikije ari kure.

Ariko itororokanirizo ry’amakuru rifitaniye isano na Islamic State ryavuze ko imodoka y’umwiyahuzi itezemwo bombe ari yo yagize ico gitero.

Amafoto n’amasanamu bivugwa ko ari ivy’ico gitero yerekana ibiziga vyuzuye amaraso vy’abantu 20, bamwe muri bo bambaye impuzo zo kwinyegeza.

Abagwanyi bafashwe mu mugongo na Turkia batanye mu mutwe kandi n’abagwanyi ba IS mu kandi karere ko Ku rubibe, ku birometero 60 mu buraruko bushira ubuseruko.

Abagwanyi, bafashijwe n’ibitero vy’indege za Turikia, ibimodoka bitamenwa n’abasirikare badasanzwe, bariko baregereza mu micungararo ya Dabiq higaruriwe na IS inyuma y’ukwezi birukanywe mu gisagara ca Jarablus.

Dabiq ni ikimenyetso gikomeye ku bagwanyi bitwaza idini rya Islam kuko mu vyahishuwe ari ikibanza aba Islam bazotanira mu mitwe n’abansi babo.