Minogue azubaka urwiwe abasangiye igitsina baronse ubwo burenganzira muri Australia

Umukinyi wa filime w'umwongereza Joshua Sasse n'umuririmvyi Kylie Minogue Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umukinyi wa filime w'umwongereza Joshua Sasse n'umuririmvyi Kylie Minogue

Uwushaka kwubakana n’umuririmvyi rurangiranwa wo muri Australia, Kylie Minogue, yavuze ko bigije inyuma ubukwe bwabo gushika igihe hazemezwa ukwubakana kw’abasangiye igitsina muri Australia.

Minogue w’imyaka 48 n’umukinyi wa filime w’umwongereza Joshua Sasse w’imyaka 28, bamenyesheje ko bakundana mu ntango z’uyu mwaka.

Ko ari babiri baguma basaba ko Australia yokwemeza ukwubakana kw’abasangiye igitsina.

Reta yo muri ico gihugu yasavye ko hoba amatora ya kamarampaka mu kwezi kwa kabiri mu 2017 kuri ico kibazo.

Sasse yavuze ko yipfuza ko bokwubakana mu mategeko mu gisagara ca Melbourne ariko ko ivyo bitazoba “gushika gushika iryo tegeko ryemejwe muri Australia”.

Uwufise ububasha kw’isanamu KYLIE MINOGUE/INSTAGRAM
Image caption Kylie Minogue yamye yerekana ko ashigikiye abashaka kwubakana basangiye igitsina

Yavuze ko yatangaye cane asanze ukwubakana kw’abasangiye igitsina kutemewe muri ico gihugu.

Ayo matora ya kamarampaka azotwara amahera agera ku miliyoni z’amadolali 160, harimwo amahera yo kugira imyiyamamazo y’abashigikiye ko bemerera abasangiye igitsina kwubakana n’ababigwanya.