Ingwano yo muri Syria: Ubuseruko bwa Aleppo bushobora "gusambuka bwose" mu mezi abiri

Isamburwa ry' ikaritiye ya Bustan al-Basha yifatiwe n'inyeshamba 06/10/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igice kinini c'ubuseruko bwa Aleppo carasambuwe n'ingwano

Agace kifatiwe n'inyeshamba ko mu buseruko bwa Aleppo mu buraruko bwa Syria gashobora "gusambuka kose"mu mezi abiri, abantu ibihumbi bakicwa. Ivyo vyavuzwe n'intumwa ya ONU mu gihugu ca Syria.

Staffan de Mistura yabwiye ibigo vy'itangazamakuru ko yiteguye guherekeza umugwi w'aba jihadistes ukorana na al-Qaeda mu gihe woba wohagarika ingwano.

Yasavye ubu Russia na Syria kudasambura igisagara biyumvira gutuza inyeshamba.

ONU ivuga kw'aba civiles 275000 aribo bakwamiye mu gace k'ubuseruko bwa Aleppo kageramiwe n'intambara.

"Isango ntabanduka ni mu mezi abiri...igisagara c'ubuseruko bwa Aleppo nkuko vyifashe ubu gishobora gusambuka cose", ukwo ni kwo Mistura yabishikirije i Geneve mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

"Ibihumbi vy'abanya Syria b'aba civiles, batari mu migwi y'iterabwoba, bazicwa abandi benshi bakomereke."

Yongeye ati: "Ivyo ni vyo mwebwe, twebwe, isi yose izobona igihe abantu bazoba bariko baragerageza guhimbaza Noweli canke impera y'umwaka, mu gihe ino ngwano yobandanya ku murindi iriko..."

Yavuze ko umuryango wa ONU utipfuza "kurera amaboko canke kurekerana" ihonyabwoko nkiryabaye i Srebrenica canke mu Rwanda.