Igihuhusi cishe abantu barenga 100 muri Haiti

Abantu barenga 100 bapfuye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzu yasambutse ahitwa Jeremie

Abantu barenga 100 bahitanywe n'igihuhusi Matthew mu gihugu ca Haiti, ivyo bikaba vyemejwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Amasanamu yafashwe arerekana ivyo igihuhusi Matthew cononye mu gihugu ca Haiti.

Hari igisagara cazimanganye, abantu 23 bakibamwo barapfa, bikavugwa kw'igitigiri c'abitavye Imana gishobora kwiyongera cane cane mu gace ko mu bumanuko bushira uburengero.

Amafoto yafashwe mu gisagara ca Jeremie yerekana inzu zaguye hasi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihuhusi Matthew cabomeye inzu nyinshi

Muri kino gihe igihuhusi Matthew gisugereje amazinga ya Bahamas kija mu ntara ya Florida muri leta zunzubumwe za Amerika.

Nico gihuhusi ca mbere kije gifise inguvu nyinshi murino myaka cumi ya nyuma.

Ikigo ca Haiti kijejwe gukingira abanyagihugu cavuze kw'abantu 23 aribo bapfuye ariko ikigo c'itangazamakuru Reuters cisunga ivy'ubutegetsi bwashikirije, igitigiri c'abantu bapfuye ngo coba kirenga 65.