Prezida Santos yatsindiye agashimwe ka Nobel

Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos

Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos yatsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel k’umwaka wa 2016, n’aho amasezerano y’amahoro na FARC yiyamirijwe.

Santos yaravuzwe cane mu binyamakuru inyuma yo gushika ku masezerano n’umuhari w’abagwanyi, yatumye intambara yari imaze imyaka mirongo itanu ihagarara.

Ayo masezerano yashizweko umukono na prezida Santos hamwe n’umukuru w’abagwanyi Rodrigo Londono, azwi kw’izina rya Timochenko, mu gisagara ca Cartagena itariki 27 mu kwezi kw’icenda.

“Colombia iri mu munezero, isi yose iranezerewe kuba intambara ihagaze,” uko ni ko yavuze ico gihe.

“Tuzoshika ku vyo twiyemeje vyose, tuzorusha inguvu inzitizi zose, iki gihugu tukigire uko tucifuza, igihugu c’amahoro.”

Abantu 260.000 bariciwe muri iyo ntambara, abandi imiliyoni zitandatu bata izabo.

Ayo masezerano n’umuhari wa FARC yariyamirijwe n’abayagihugu muri kamarampaka yabaye itariki 2 z’ukwezi kwa 2.

Abadashigikiye ayo masezerano bavuga ko akingira abo bagwanyi kubazwa amakosa bakoze.

Ariko prezida Santos ku ruhande rwiwe, avuga ko ayo ari yo masezerano meza ashoboka gushikwako ku neza y’igihugu ca Colombia.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida wa Colombia Santos (mu bubamfu) n'umukuru w'abagwanyi ba FARCazwi kw'izina rya Timochenko (i buryo) bahanye amaboko inyuma yo gushira umukono ku masezerano y'amahoro.

Bamwe mu bayoboke ba FARC, co kimwe na bamwe mu gisirikare n’igipolisi, botegerejwe kwitaba sentare idasanzwe muri ico gihugu kugira babazwe amakosa bagirizwa nk’uko biri muri ayo masezerano.

Umuhari wa FARC, watanguye nk’urwaruka rwayoboka umugambwe w’abakoministe mu 1964, ugiye guhagarika intambara uje muri politike nk’umugambwe.