Amatohoza ku gitero cahitanye abantu 140 muri Yemen

igitero kubaje ku maziko ya se w'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu muri reta y'aba Houtis muri Yemen cahintanye abarenga 140 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption igitero kubaje ku maziko ya se w'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu muri reta y'aba Houtis muri Yemen cahintanye abarenga 140

Urunani rurongowe na Arabie Saudite rugwanya abitwaje ibigwanisho muri Yemen rwavuze ko bagiye gutanguza amatohoza ku bantu barenga 140 biciwe mu bitero vy’indege ku maziko ku mugwa mukuru Sanaa.

Bashobora “ubwo nyene kugira amatohoza kuri ivyo vyabaye” bafashijwe n’abahinga b’abanyarika.

Arabie Saudite yabanje guhakana n’ibivugwa nna reta y’abagwanyi b’aba Houti.

Ivyo bitero vyatumbereye abari ku maziko ya se w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta y’aba Houti, Galal al-Rawishan.

Urunani rurongowe na Arabie Saudite rwavuze mw’itangazo:”Urunani rugiye gukora amatohoza yihuta kuvyashutse bari kumwe n’umugwi ujejwe amatohoza muri Yemen n’abahinga bo muri Amerika, bari bagize uruhara mu matohoza aheruka.”

Aha bavuga “Icegeranyo ku gitero ca bombe cababaje abantu benshi” I Sanaa, imbere y’uko bongerako ko “Urunani rwemeza abasirikare barwo bafise amategeko atomoye yo kutagira ibitero ahantu hari abantu benshi, no kwirinda kwica abanyagihugu.”