Is imaza gutakaza ibice birenga 1/4 c'aho yigaruriye

Umuhari IS uri muri Syria na Irak Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhari IS uri muri Syria na Irak

Umuhari wa Islamic State (IS) uramaze gutakaza igice kirenga ica kane c’akarere wari warigaruriye, nk’uko ibiharuro bishasha bivyerekana.

Abahinga muvyo umutekano na gisirikare IHS bavuga ko uwo mugwi umaze gutakaza ibice 28%kuja mu kwezi kwa mbere mu 2015.

Mu mezi icenda ya mbere y’uyu mwaka, akarere IS igenzura kavuye ku birometero 78.000 kaja ku 65.000- akarere kagereranywa ko koba kangana na Sri Lanka- bikaba bivugwa n’abahinga ba HIS.

Ariko, akarere katakajwe n’uwo mugwi atatu ya nyuma gushika mu kwezi kwa cumi.

IS watakaje ibirometero 2.800 gusa kuva mu kwezi kw’indwi.

Uko kugabanuka k’uturere twatswe IS duhurirana n’igihe Uburusiya bwagabanya ibitero vy’indege kuri uwo muhari wa IS, nk’uko bivugwa na IHS.

Mu ntango y’umwaka, ibitero bigera ku 26% ni vyo vyatumberezwa kuri IS, ariko mu ci, vyaragabanutse gushika ku bice 17%.