Umusore yameze umurizo wa 20cm yabazwe mu Buhindi

Ashobora kuba yatanguye kumera uwo murizo ari mu mbanyi kwa nyina
Image caption Ashobora kuba yatanguye kumera uwo murizo ari mu mbanyi kwa nyina

Umusore afise umurizo wa santimetero 20 wameze musi y’uruti rw’umugongo yarabazwe kugira bawuce.

Uwo murizo watanguye kumera ku mugongo w’uwo musore ubu afise imyaka 18, inyuma y’imisi 14 avutse.

We n’umuryango wiwe baba I Nagpur mu gihugu c’Ubuhindi, baragumije ibanga ntibabivuga, kuko bari bafise ubwoba ko abandi boza baramutwenga.

Ubu bashaka kubonana n’abaganga, inyuma y’aho uwo murizo utanguriye kujamwo igufa.

Bivugwa ko uwo murizo ari muremure ata mu ntu n’umwe yari bwigere awugira, uretse ko gusa n’ivyo bishika gake cane.

“Watanguye kuba ingorane utanguye gusokoroka mu mubiri wiwe”, uko ni ko nyina wiwe atashatse ko amenyekana izina yavuze.

“Yogiye arakuma uwo murizo mu gihe ariko arahindura impuzu. Nabonye ko vyogiye biramugora kandi binamubabaza, ni co gituma namujanye kwa muganga”.

Uwufise ububasha kw’isanamu CARTERS
Image caption Uwo murizo ufise santimetero 20

Abaganga bavuga ko bishoboka ko uwo musore yameze uwo murizo akiri mu mbanyi kwa nyina wiwe, bivuye ku ngorane y’uruti rw’umugongo, ariko uza gusohoka hanze uwo musore amaze gukura.