Amatora muri Amerika: Clinton afise amakenga ku kigongwe kidafashe Trump yasavye

Donald Trump na Hilary Clinton mu kiganiro
Image caption Donald Trump na Hilary Clinton mu kiganiro

Hillary Clinton yagize amakenga ku kigongwe Donald Trump yasavye ku majambo yashikirije haraheze imyaka 11 ajanye no gufata nabi abagore, avuga ko ataco kivuze.

Uwuserukira umugambwe w'aba Democrates yavugiye kuri Twitter ko niba uwo bahanganye w'umu Republicain ahagaze vyukuri kuvyo yemeje ko "vyibonekeza ko ata kigongwe yasavye".

Yashikirije ayo majambo mu gihe icegera ca Trump mu kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu Mike Pence yaramaze kumenyesha ko azoguma amushigikira naho hari abiyamiriza ivyo avuga.

Mu kiganiro co ku musi wa Mungu bwana Trump yishuye ahakana ko ata na kimwe yakoze mu vyo yavuze. Yongeye ahindukiriza umuriro ku mugabo wa Hilary Clinton yigeze gutwara igihugu Bill Clinton, asigura ko "yafata nabi abagore", ariko ntaco yavyishuyeko.