Abaguze Galaxy Note 7 basabwe kuzizimya

Galaxy Note 7 yahiye iriko irageragezwa mu gihugu ca Singapour Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Galaxy Note 7 yahiye iriko irageragezwa mu gihugu ca Singapour

Samsung yahamagariye abantu bafise telefone ya Galaxy Note 7 kuzizimya vyihuta, mu gihe bakirondera igituma izo telefone, n’izo bari bavuze ko zimeze neza, zisha.

Iyo kompanyi ya Korea y’epfo yavuze ihagaritse igurishwa ry’izo telefone zose.

Samsung yahamagariye abantu bari baguriye rimwe izo telefone zigera ku miliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu mu kwezi kw’icenda, kuzigarukana aho baziguriye, inyuma y’aho benshi mu baziguze batanguye kwidoga bavuga ko amabeteri yazo aturika.

Baciye bahabwa izindi bavuga ko zikomeye.

Ariko ubu hari inkuru zivuga ko n’izo zavugwa ko zikomeye zisha.

Umugabo umwe wo mu ntara ya Kentucky muri Amerika, avuga ko yikanguye abona mu icumba araramwo cuzuye umwotsi uvuye muri telefone yiwe nshasha ya Note 7, yari yahawe amaze gusubiza iya mbere.

Imisi mike imbere y’aho, abagenzi bari mu ndege imwe mu gihugu ca Amerika, basabwe gukinjura vyihutirwa, inyuma y’aho telefone imwe ya Note 7 itanguriye kuvamwo umwotsi.

“Kubera ko umutekano w’abadushorera tuwitayeho cane, Samsung izosaba abadandaza n’abakwiragiza izo telefone hose kw’isi, guhagarika kuzigurisha no guhindurira abazanye izononekaye mu gihe amatohoza akibandanya,” uko ni ko iyo kompanyi yavuze.

“Abantu bafise amatelefone ya Galaxy Note 7 canke Galaxy Note 7 bahinduriwe, vyoba vyiza bazizimije bakareka kuzikoresha, bagakoresha ubundi buryo mu gokora imirimo yabo,” nk’uko iyo kompanyi yabandanije ibivuga.

Ni abantu bangahe zimaze kugirako ingaruka?

Samsung ivuga ko telefone zimaze kwononekara zishika imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu.

Nk’iko bivugwa n’iyo kompanyi, telefone 45.000 za Note 7 zagurishijwe i Buraya, na cane cane mu Bwongereza.

Izirenga ibice 75 kw’ijana zari zimaze guhindurwa n’abari baraziguze, bararonswa izindi Note 7 canke ibindi bikoresho vya Samsung.

Ubu Samsung igiye kurushwa na Apple?

Galaxy Note 7 vyari vyitezwe ko igiye gufasha Samsung guhangana na telefone ya Apple iPhone 7. Ariko, inyuma yo kugira iyo ngorane, Samsung vyarayigizeko ingaruka cane, n’agaciro k’iyo kompnyi karagabanuka.

Agaciro ka Apple na ko kabandanije kaduga cane.

N’ikimenyetso ca Sumsung ntikikibonwa neza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Samsung yahagaritse igurishwa ry'amatelefone yose ya Galaxy Note 7

Abajejwe ineza y’abaguzi muri Amerika, bahamagariye abantu kudakoresha telefone za Samsung bahinduriwe.

Umujejwe umutekano mu kanama ka Elliot Kaye, yavuze ko ingingo ya Samsung wo guhagarika kugurisha izo telefone ari nziza cane.