Abagirizwa kwica Gen Nshimirimana basabiwe gupfungwa burundu

Abagirizwa urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana bose barahakana ico caha
Image caption Abagirizwa urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana bose barahakana ico caha

Abagirizwa urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana basabiwe umunyororo wo guherayo, urubanza rukaba rwashizwe mu mwiherero.

Umushikirizamanza muri sentare nkuru ya commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yasabiye abantu 8 igihano c’umunyororo w’ubuzima bwose abagiriza kugandagura Lieutenant General Adolphe Nshimirimana itariki zibiri z’ukwezi kw’umunani mu 2015.

Urwo rubanza rwari rumaze iminsi ibiri rusasa i Gitega, hagati mu gihugu, iyo abo bantu bapfungiwe.

Barimwo abasirikare 5 n’abapolisi 3, uwufise ipere rikomeye n’igisongerezi mu gisirikare (sous-officier).

Abagirizwa basavye ko bokwambikwa izera bakarekurwa kuko ngo umushikirizamanza ata vyabona canke abatangabuhamya yazanye kugira babagirize icaha.

Gusa yari afise amajwi avuga ko arayafashwe abo bantu bari mu nama yo gutegura iryo gandagurwa.

Ariko nayo nyene abagirizwa bavuga ko ari inkinamico kuko ngo humvikana gusa ko yafatiwe ku bunywero.

Umushikirizamanza yavuze kandi ko abo yagiriza bagize inama zitatu, zibiri zo gutegura umugambi, n’iya gatatu yo kuraba ingene washizwe mu ngiro.

Zibiri avuga ko zabaye buca uwo mu general yicwa ariko ntatanga ikibanza zabereyemwo.

Muri urwo rubanza ntihigeze hamenyekana ico abo bagirizwa boba barahoye Lieutenant General Adolphe Nshimirimana.

Yagandaguriwe mw’ihwaniro ry’ibarabara riva mu Ngagara n’iriva mu Kamenge mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisigara ca Bujumbura mu gitondo izuba riva. Abantu bitwaje ibigwanisho bategereye imodoka yagenderamwo bayirasa za roquette n’amasasu.

Lieutenant General Adolphe Nshimirimana yari umujenama w’umukuru w’igihugu inyuma yo kurongora ibiro bikuru vy’iperereza hafi imyaka 10.

Urubanza rwashizwe mu mwiherero utarenza ikiringo c'ukwezi