Prezida Putin yahagaritse urugendo rwiwe mu Bufaransa

Prezida Putin yari yitezwe mu Bufaransa mu mpera z'uku kwezi Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Prezida Putin yari yitezwe mu Bufaransa mu mpera z'uku kwezi

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yahagaritse urugendo rwiwe mu Bufaransa mu gihe hari ukutumvikana ku ntambara ibera muri Syria.

Vyari vyitezwe ko abonana na prezida w’Ubufaransa Francois Hollande no kwugurura isengero rishasha ry’aba Orthodox mu mpera z’uku kwezi.

Ariko reta y’Ubufaransa imaze kumenyesha ko ibiganiro vyabo ahanini bizoba vyerekeye ikibazo ca Syria, urwo rugendo rwaciye ruhagarikwa.

Ku musi wa mbere, prezida Hollande yavuze ko Uburusiya bukwiye kwitwarirwa ku mabi yo mu ntambara kubera ibitero vy’amabombe bikorwa n’indege z’ico gihugu mu gisagara ca Alep muri Syria.

Prezida Hollande yabwiye imboneshakure imwe yo mu Bufaransa ko Uburunsiya bukwiye kwitwarirwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC).

Yaranacishijemwo ko ashobora kwanka kubonana na prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, igihe azoba ari muri urwo rugendo.

“Aba ni abantu bakorewe ivyaha vyo mu ntambara. Abakora ibi botegerezjwe kubibazwa, n’aho hoba muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ya ICC,” ni ko Hollande yabwiye TMC.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubufaransa burababazwa n'ibitero vy'indege mu gisagara ca Alep

Mu ndwi iheze, Uburusiya bwarako ububasha buhabwa n’amategeko mu kanama ka Onu kajejwe umutekano mu kwanka ingingo yo guhagarika gutera amabombe mu gisagara ca Alep.

Iyo ngingo yari yasabwe n’amareta y’Ubufaransa na Espagne.

Uburusiya bwarahakanye ivyo bivugwa ko bwica abanyagihugu, ahubwo bukavuga ko butera abitwaje iterabwoba.

Uburusiya na Syria ntibashize umukono ku masezerano ashinga ICC.