Ababuranira Abdeslam batanze imihoho

Abdeslam yafatiwe mu Bubiligi mu kwezi kwa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu BELGIAN/FRENCH POLICE
Image caption Abdeslam yafatiwe mu Bubiligi mu kwezi kwa gatatu

Ababuranira uwagirizwa ibitero vy’iterabwoba vy’I Paris, mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze, Salah Abdeskam, bamenyesheje ko batazosubira kumuburanira.

Abdeslam ategekanya gukoresha uburenganzira bwiwe bwo kutagira ico avuga muri sentare, nk’uko umwe mu bamuburanira, Frank Berton, yabibwiye BFM TV.

“Twabivuze kuva mu ntango… ko uwo tuburanira niyafata ingingo yo kutagira ico avuga, ko tuzoca dukura meza,” ni ko yavuze ari kumwe na mugenzi we bafashanya Sven Mary.

Abantu 130 ni bo baguye muri ivyo bitero.

Umuhari wa Islamic State ni wo wavuze ko wakoze ico gitero.

Salah Abdeslam yafatiwe mu gisagara ca Bruxels mu kwezi kwa gatatu, akaba yagumye mu gacerere kuva arungitswe mu gihugu c’Ubufaransa mu kwezi kwa kwa kane.