Amerika isaba Ethiopia kutikika mu kiza mu bihe bidasanzwe

Imyiyerekano imaze imisi muri Ethiopia imaze guhitana abantu bababa 500 Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Imyiyerekano imaze imisi muri Ethiopia imaze guhitana abantu bababa 500

Amerika iragabisha Ethiopia ngo ico gihugu ntigikoreshe nabi igihe cibihe bidasanzwe cashizeho ku musi w’Imana.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire yavuze ko ari ngombwa ko reta ya Ethiopia isigura neza uko izocungera neza ko uburenganzira bwa kiremwa muntu bwubahirizwa mu kiringo c’amezi 6 ico kiringo kidasanzwe kizomara.

Ku musi wa kabiri, umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel, yasavye reta ya Ethiopia kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bwo kuvuga ibitagenda neza.

Amerika ni co gihugu c’ubu hagufi, cerekanye amakenga gitewe n’ico kiringo kidasanzwe cashizweho na reta ya Ethiopia.

Cashizweho inyuma y’imidurumbanyo y’amezi myinshi yo kwiyamiriza reta mu myiyerekano y’amoko abiri akomeye yo muri ico gihugu.

Uwo muvugizi wa Amerika, yagabishije ko gucecekesha abanegura reta kuzotuma ibintu biba bibi gusumba.

Igisirikare cakwiragijwe hose, kandi amakoraniro y’abantu yabujijwe mu ntumbero yo kwubahiriza ico kiringo kidasanzwe.

Abantu amajana n’amajana baramaze kubura ubuzima kuva hatanguye imyiyerekano mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze, kandi na reta iremera ko abantu boba bamaze kuhasiga ubuzima boba bababa 500.