Abigeme 21 ba Chibok 'baridegemvya'

Abigeme 250 baranyururijwe i Chibok mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abigeme 250 baranyururijwe i Chibok mu 2014

Umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru muri Nigeria yabwiye BBC ko abigeme 21 bari mu banyururijwe kw’ishure n’abagwanyi ba Boko Haram mu karere ka Chibok, ubu baridegemvya.

Inkuru zivuga ko abo bigeme ubu bari mu minwe y’abajejwe umutekano mu gisagara ca Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Ntibiramenyekana nimba abo bigeme babohojwe n’igisirikare canke barekuwe n’abo bagwanyi.

Igisirikare ca Nigeria cari kimaze imisi gikora ibikorwa vya gisirikare mw’ishamba rya Sambisa, ahaba abagwanyi b’umuhari Boko Haram.

Abagwanyi b’uwo muhari baranyuruje abigeme bashika 250 bari mu ndaro kw’ishure mu kwezi kwa kane umwaka wa 2014.

Ico gikorwa kigayitse caratewe ivyatsi n’amakungu.