Urwanda rwategetse kudakoresha Galaxy Note 7

Bamwe mu bahinga bavuga ko Galaxy Note 7 ari telefone ya mbere nziza Android ikoze Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bamwe mu bahinga bavuga ko Galaxy Note 7 ari telefone ya mbere nziza Android ikoze

Reta y’Urwanda yabujije gutumako no kugurisha telefone ngendanwa za Samsung zo mu bwoko bwa Galaxy Note 7.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’imisi mike inyuma y’aho kompanyi ya Samsung yo muri Korea y’epfo, imenyeshereje ko ihagaritse gukora no kugurisha izo telefone kubera ibikunze gushika ko zisha.

Ikigo ca reta kijejwe ibikoresho vyinjira mu Rwanda kivuga ko iyo ngingo yo kubuza kwinjiza izo telefone, yafashwe ku mpamvu z’umutekano.

“Kubera umutekano, abaguze izo telefone ku gatwe kabo mu bindi bihugu basabwa kuzizimya, bazisubize aho baziguriye,” izo ni zo nkuru zitangwa n’icegera c’umukuru w’ico kigo Maj Patrick Nyirishema.

Samsung yahanuye abaguze izo telefone kuzizimya no kudasubira kuzikoresha.