Uwukekwako iterabwoba yiyahuriye mw'ibohero mu Budagi

Igipolisi carashize ahabona amafoto ya Jaber bamaze gusaka aho aba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Igipolisi carashize ahabona amafoto ya Jaber bamaze gusaka aho aba

Urupfu rw’impunzi y’umunye Syria akekwako gutegura ibitero vya bombe, Jaber al-Bakr yiyahuriye mw’ibohero mu Budagi, ni ibiterasoni ku butungane, nk’uko bivugwa n’uwumuburanira.

Jaber al-Bakr w’imyaka 22, yiyahuriye mw’ibohero ry’I Leipzig akoresheje ishati yiwe, reta ikaba yasavye haca haba amatohoza ubwo nyene.

Uwumuburanira yavuze ko ibohero ryari risanzwe rizi Bakr ashobora kwiyahura, inyuma y’aho afatiwe ku musi wa mbere.

Ariko abategetsi b’akarere bavuze ko batigeze bikeka ko yobikora.

Sebastian Gemkow, umushikiranganji w’ubutungane mu ntara iri mu buseruko bwa Saxony, yabwiye abamenyeshamakuru ko bari bamupimye mu mutwe kandi ko ingingo zari zafashwe.

“Ntivyategerezwa gushika, ariko vyabaye,” ni ko yavuze.