Umuririmvyi Bob Dylan yahawe agashimwe ka Nobel

Dylan yakuye izina ryiwe kuri Dylan Thomas yavuga ivyese Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Dylan yakuye izina ryiwe kuri Dylan Thomas yavuga ivyese

Umuririmvyi w’indirimbo z’akaranga ka Amerika, Bob Dylan, yahawe agashimwe ka Nobel k’abanditsi.

Uwo muririmvyiw’imyaka 75 yaronse ako gashimwe “mu gutora uburyo bushasha bwo kuririmba mu vyese vy’imico n’imigenzo izwi cane mu ndirimbo zo muri Amerika”.

Dylan yavutse yitwa Robert Allen Zimmerman mu 1941, aca atangura kuririmba mu 1059, ari na ko atamba mu nzu z’uburiro I Minnesota.

Indirimbo ziwe zizwi cane yaziririmvye mu 1960, aho yari rurangiranwa mu gusigura ingorane Amerika yagize muri kahise.

Indirimbo ziwe nka Blowin' in the Wind na The Times They are A-Changin' zarakoreshejwe cane n’abarwanya intambara co kimwe n’abaharanira agateka k’abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Dylan yigeze kuba ari umuntu yubashwe cane ariko rimwe rimwe atumvikanwako na bose

Yarahevye izo ndirimbo z’akaranga, aca ahitamwo kuririmba umuziki wo mu mudiho wa Rock.