Thailand: Umwami Bhumibol Adulyadej yitavye Imana afise imyaka 88

Umwami Bhumibol Adulyadej Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwami Bhumibol Adulyadej

Umwami Bhumibol yagiye ku ngoma kuva kera, afise icubahiro catuma ariwe avugwa cane mu gihugu, naho hari abatamutegera.

Yari afise ubumenyi bwinshi, akaba n’umwami akurikira ibiba mu makungu n'aho yari afise ububasha buto ariko agafatwa nk’Imana.

Ku ngoma yiwe, yarakundwa cane n’abanyagihugu n'aho ata muntu yari gushobora kubitohozako bitewe n'uko hari amategeko akomeye yihanikiza uwo wese yoba yifuza kugira ico aneguye ku muryango wa cami.

Yagiye ku ngoma mu mwaka w’I 1946 inyuma y'aho uwo bavukana yiciwe arashwe mu buryo gushika ubu butarasobanuka.

Ico gihe, ingoma ya Thailande iragoyagoya, ububasha buragabanuka.

Uwo mwami yari akiri muto aca arondera kuyisubiza umutamana.

Umwami Bhumibol yifata nk’umwami yitaho abanyagihugu, yipfuza iterambere ry’intara zo mu gihugu hagati, intwaro yoroshe itandukanye n’agahotoro k’abasirikare batwaye Thailande igihe kirekire c’ingoma yiwe.

Yarabaye rurangiranwa mu kunywanisha abanyagihugu, yifashishije ububangutsi yarafise bwamutuma ashobora gushika mu duce twa kure na cane cane igihe c’imigumuko ikwezwe n’ukutumvikana hagati y’ibihugu vy’ibihangange bitari ku murongoumwe wa politike. Yarabaye n’umuhuza mu bihe vyinshi vy’indyane za politike.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwami Bhumibol Adulyadej yagiye ku butegetsi mu 1946 inyuma y'aho mwenewabo apfiriye arashwe

Inyuma y’ico gihe ni ho igihugu ca Thailande caja vy’ukuri mu ntwaro igendera kuri demokrasi ariko igihe haziye umuntu yitwa Thaksin Shinawatra, umugabo atunze yashatse kuja mu vya politike, ibintu vyaciye bihinduka.

Yitwaje politike yifatira abanyagihugu benshi n’ubukerebutsi yarafise mu vy’urudandazwa yarashikiriye ubutegetsi biciye mu matora, ariko ntiyashobora kwumvikana n’abantu bari bakikuje umwami batifuza kw’ibintu bihinduka. Umwami Bhumibol ubwiwe ntiyamwerekwa.

Yahavuye akugwa ku butegetsi n’ihirika ry’ubutegetsi rikozwe n’abasirikare mu mwaka w’i 2006.

Nkuko vyari bimaze igihe ariko bigenda, iryo hirika ry’ubutegetsi ryarashigikiwe n’abo ku kirimba.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwami Bhumibol Adulyadej yabamaze imyaka yababa ine mu bitaro

Abari bashigikiye Thaksin batowe bari muri leta barirukanwa mu kazi, ivyo bishavuza abamushigikiye, bica biha isura mbi ingoma ya cami ata muntu n'umwe yoshoboye kuvuga nabi.

Mu misi yiwe ya nyuma, umwami Bhumibol ntirayakiboneka cane, bitewe n’ingwara yarafise zatuma aguma yinjira ibitaro.

Azokwama ari umuvyeyi yubashwe ku banyagihugu benshi ba Thailande n'aho uwahora afise ububangutsi n’ububasha bw’ibishika azoba yazimanganye.