Abantu bitwaje inkoho banyuruje Umunyamerika muri Niger

Niger ifise ikibazo c'abarwanyi ba ki Islam bateje umutekano muke, bama bahanganye n'igisirikare ca leta Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Niger ifise ikibazo c'abarwanyi ba ki Islam bateje umutekano muke, bama bahanganye n'igisirikare ca leta

Abantu bitwaje inkoho banyuruje Umunyamerika akorera ishirahamwe ry'abagiraneza yari mu kazi mu gihugu ca Niger, bica abamurinda.

Ivyo vyabereye mu kare kari mu burengero bw'umuji wa Abalak.

Umukuru w'uwo muji yavuze ko umwe mu abo banyuruje uwo mugabo, yaje muhira iwe ari kw'ipikipiki, abandi bari mu muduga bamusangayo.

Nyuma y'ukurasana kwamaze umwanya muto, baciye banyuruza uwo mukozi bamutwara aherekeza ku rubibe n'igihugu ca Mali.

Amakuru avuga ko uwo Munyamerika yari amaze imyaka myinshi akora mu uwo muji, azwi cane kandi akavuga ururimi rwaho.