Igisasu cahitanye Abashia bari mu masengesho i Baghdad

Abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam bamaze iminsi bagaba ibitero i Baghdad Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam bamaze iminsi bagaba ibitero i Baghdad

Umwiyahuzi yagavye igitero ku baislam b'Abashia bari mu gikorane c'amasengesho mw'ihema ku murwa mukuru wa Irake, Baghdad.

Abantu bashika mirongo itatu bishwe abarenga mirongo itandatu barakomereka.

Iryo hema ryari ryubatse mw'isoko ryuzuye abantu mu karere k'uburaruko bw'umurwa mukuru wa Irake.

Abashia benshi bari mu muhango wo kwunamira Hussein, umwuzukuru w'intumwa Mohammed, amaze ibinjana indwi apfuye.

Abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam baramaze kugaba ibitero nk'ivyo i Baghdad mu mezi aheze, mu gihe uwo mugwi ugenda uraneshwa ahandi muri Irake.